Igisabisho c’Imisi Icenda c’Ukwihebera Umushaha wa Yezu

04/09/2017 18:48

Umusi wa mbere: Uno musi nzanira Abantu bose bo kw’isi yose iyo iva ikagera
 

Amajambo y’Umukama wacu

Yezu yabwiye Faustina Mweranda ati: “Uno musi nzanira Abantu bose bo kw’isi yose iyo iva ikagera, na cane cane abacumuzi bose uheze ubadumbukirize mu nyenga y’Ikigongwe Canje. Uzoba uriko urampoza muri iri rungu ntegwa n’ugutakara kw’imitima.”

 

Dusabire Ikigongwe Abantu bose bo kw’isi yose iyo iva ikagera


Yezu Munyakigongwe Wewe Urangwa n’Ikigongwe nyene Ukaba ata kindi Urota atari ukuduharira ivyaha vyacu, nturabe ibicumuro vyacu, Raba nyabuna umwizero dufitiye Ubuntu Bwawe Uheze Utwakire mw’isoko ry’Umutima Wawe Wuzuye Imbabazi Uheze Utugumizeyo ntuze wigere Utureka ngo dusohoke tuveyo ahubwo twigumireyo imyaka yose. Turabigusavye kubw’Urukundo Rubafatanya na Data na Mutima Mweranda (PJ 1211). Amen.
Ewe Bubasha Ntangere bw’Ikigongwe C’Imana Niwe we mahungiro y’umucumuzi wese, uri Ikigongwe Ukongera Ukaba n’ikiyaga c’Imbabazi nyene. Uratabara uwo wese akwambaje n’ukwicisha bugufi.

Dawe wa Twese… Mwaramutse Mariya… Haninahazwe…


Dawe Wamaho, Rabisha Amaso Yawe Yuzuye Ikigongwe ku bantu bose bo kw’isi yose iyo iva ikagera na cane cane abacumuzi nyabworo Umwana Wawe Yezu Afise ku Mushaha wiwe w'ikigongwe. Kubw’Ukubabara Kwiwe, twereke Imbabazi Udufitiye ngo tubonereho gushemeza ububasha ntangere bw’Ikigongwe Cawe imyaka n’imyaka. Amen. »
 

Ishapule y’Ikigongwe c’Imana

 

Umusi wa kabiri: Uno musi Nzanira imitima y’abasaseredoti n’Abihebeye Imana

Uheze ubadumbukirize mu nyenga y’Ikigongwe Canje. Nibo bampaye inguvu zo kurinda ububabare Narimwo. Nibo ncishako Ikigongwe Canje Nshikiriza isi. 

Yezu Munyakigongwe, Wewe ivyiza vyose bikomokako, Ongereza inema yawe mu bantu bose bakwiyehebeye maze babashe kurangura Ibikorwa vy’Ikigongwe gutyo abo bose bababona baninahaze Imana Data Nyene Imbabazi Avyagiye mw’Ijuru.


Dawe Wamaho Rabisha Amaso y’Ikigongwe Cawe ku mugwi w’intore Zawe Witoreye mu mizabibu Yawe, imitima y’Abasaserdoti n’abihebeye Imana bose Uheze Ubuzuze inema n’imihezagiro Yawe.  Kubw’Urukundo rw’Umushaha w’Umwana Wawe bakoraniye mwo Ongereza muri bo ububasha n’Umuco Wawe gutyo babashe kuyobora abandi babajana mu nzira y’ubukiriro vyongeye kw’isi no mw’Ijuru humvikane agahogo kabo karirimbira Inganji Yawe bashemeza Ikigongwe Cawe kitagira imbibe mu myaka n’imyaka, Amen.

 

Umusi wa Gatatu: Uno musi Nzanira Imitima Y’Abayoboke Banje na Basomambike

Uheze ubadumbukirize mu nyenga y’Ikigongwe Canje. Iyi mitima yarandemesheje igihe Nari Nikoreye Umusalaba Nduga mu nzira y’Ikaluvariyo. Yari imeze nk’ima ry’amazi rikorokeye muri y’iyo nyenga y’amagorwa Narimwo. 

Ewe Yezu  Kigongwe Ntangere, Wewe Ukura mu Ntabonwa y’Ikigongwe Cawe inema Usukira kuri umwe umwe wese muri twebwe, Kunda Utwakire kw’Isoko ry’Ikigongwe Cawe kandi Ntuze Wigere Utureka ngo twigere tukuvirira. Turabigusavye kubw’Urukundo Ntangere Ufitiye Data wo Mw’Ijuru ruguma rurumba muri Wewe nk’umuriro waka. AMEN.

 Dawe Wa Twese + Mwaramutse Mariya+ Haninahazwe


Dawe Wamaho, Kunda Urabishe Amaso Yawe y’Ikigongwe imitima y’abayoboke Bawe  ari bo ba Samuragwa b’Umwana Wawe.  Kubw’ukubabara kwiwe, bahunde imihezagiro Yawe Wongere Ubakikuze n’inema Yawe Wame Ubakingira akabi  igihe cose.

Turagusavye rero ntibigere baguhemukira canke ngo batezure mu Rukundo bagufitiye canke ngo batakaze intabonwa y’Ukwemera gutagatifu, ahubwo hamwe n’inteko z’Abamalayika beranda n’aberanda bose ese bokwama baninahaza Ikigongwe Cawe kitagira ingero imyaka n’imyaka,

Tubigusabishije Yezu Kristu Umukiza wacu. Amen

 

Umusi wa kane: Uno Musi Nzanira Imitima y’Abahakanyi N’Abapagani.

Nabo nyene naguma ndabiyumvira mu kiringo c’ububabare bwanje butagira uko bwovugwa niho rero nabona n’umwete bazogira ngo bahoze Umushaha Wanje bica biha inguvu umutima Wanje. Badumbukirize nabo nyene mu kiyaga c’Ikigongwe Canje.  

Dusabe: Yezu Mwiza Wewe Ufise Imbabazi Ntangere, Uri Umuco w’Isi yose. Kunda Wakire mu Mushaha Wawe Wuzuye Ikigongwe imitima yabo batemera Imana hamwe nabo batarakumenya.

Gira ko imishwarara y’inema Zawe Yobamurikira Ibaboneshereze nabo nyene baze hamwe natwe ngo baninahaze Ikigongwe Cawe Ceranda Rwose; vyongeye Ntubareke ngo baguce mu myanya y’intoke bahave batakara burundu ahubwo Ubazigame Mu Mushaha Wawe Wuzuye Ikigongwe.

Dawe Mweranda, Rabisha Amaso Yawe y’Ikigongwe imitima y’abahakanyi n’abapagani nyene Umwana Wawe Yezu Afise ku Mutima kandi Afitiye impuhwe Nyinshi. Bakure Ubazane mu muco w’Inkuru Nziza y’Urukiza. Iyi mitima ntizi na gato ukuntu bihimbaye Kugukunda. Turakuzamvye Nushime rero kubatabaza nabo nyene akaryo ko kuninahaza ubwiza bw’Ikigongwe Cawe Ceranda mu myaka n’imyaka. Amen.

 

Umusi wa Gatanu: Uno musi nzanira imitima y’Abahakanye Ekleziya n’Abahunye

 

Yezu Yabwiye Faustina Mweranda ati: Uno musi Nzanira imitima yabo bitandukanije n’Ekleziya Yanje ubadumbukirize mu nyenga y’Ikigongwe Canje. Aho Nariko Ndababara nibo batabagura Umubiri Wanje n’Umutima Wanje ariyo Ekleziya Yanje. Bagarutse mu bumwe bw’Ekleziya Yanje, Inguma Zanje Zirakira gutyo bakampoza ayo magorwa banteye.

Dusabe: Ewe Yezu Kigongwe Ntangere, Bwiza Bwahebuje, Ntiwigera wima umuco Wawe abo bose bawugusaba.  Nushime rero kwakira kw’Isoko  ry’Umushaha  Wawe w’Ikigongwe imitima y’abahakanye Ekleziya n’abahunye mu kuyiyonkorako. Bamurikire n’Umuco Wawe Uheze Ubagarukane mu bumwe bw’Ekleziya, Uheze Ubabumbatire mu Maboko yawe Meranda ntibigere basubira gusohoka ngo bikure mu kigumbagumba c’Umushaha Wawe Nyagukundwa;  ahubwo Ugire ko nabo nyene boza kwifatanya natwe mu gushemeza Ububasha  bw’Ikigongwe Cawe. Amen.

 

Dawe Wa Twese+ Mwaramutse Mariya+ Haninahazwe

Dawe Wamaho, Rabisaha Amaso Yawe y’Ikigongwe imitima yabo bitandukanije n’Ekleziya y’Umwana Wawe, bakanjanjwa ku mihezagiro Yawe mu kuyisesagura no kuguma bagendera mu binyoma vyabo. Nturabe amakosa yabo nurabe nyabuna Urukundo Umwana Wawe Agufitiye Wongere Wibuke Ububabare Yagize Yemeye kurinda kubera bo, kuko nabo nyene Abafise ku Mushaha Wiwe w’Ikigongwe. Nushime rero kubazana nabo nyene hafi yawe kugira ngo hamwe natwe baberwe no kuninahaza Ikigongwe Cawe Ntangere mu myaka n’imyaka. Amen.

 

Umusi wa Gatandatu : Uno musi nzanira imitima y’abitonda n’abicisha bugufi niy’ utwana dutoyi uheze ubadumbukize mu nyenga y’Ikigongwe canje

Amajambo y’Umukama wacu

Yezu yabwiye Faustina Mweranda ati: Uno musi nzanira imitima y’abitonda n’abicisha bugufi niy’ utwana dutoyi uheze ubadumbukize mu nyenga y’Ikigongwe canje. Iyo mitima isusa rwose n’Umutima Wanje. Bakaba barandemesheje cane ca gihe Nariko ndicwa n’irungu n’amaganya y’urupfu rwari rwimirije! Narabona ukuntu bazoteramana nanje nk’abamalayika bari kw’isi bazoba nk'abanyezamu banteramira ku ma altari yanje yo kw’isi, kuri iyo mitima Ndasukira imigezi y’inema zanje. Umutima wicisha bugufi wo musa ni wo ushobora kwakira inema zanje, iyo mitima yitonda kandi yicisha bugufi niyo Nashize mwo umwizero wanje.

 

Dusabire Imitima Yicisha bugufi n’Iyitonda:

Yezu Munyakigongwe Wewe nyene Ubwawe Wivugiye Uti: Ni mundabire ko akarorero Jewe Nitonda kandi Nkicisha bugufi bivuye ku Mutima: Niwakire kw’Isoko ry’Umushaha Wawe Wuzuye Imbabazi imitima yitonda n’iyicisha bugufi be niyo mitima y’abana batoyi. Iyo mitima ituma haba akanyamuneza ntangere mw’Ijuru Ryose ikaba ari  samuragwa ba Data wo mw’Ijuru. Imeze nk’amashurwe amota neza imbere y’Inyonga z’Imana aho Imana yo Nsa Ishimishwa n’akamotera kayo. Iyo Mitima iguma imisi yose inyegeje mu Mushaha Wawe Wuzuye impuhwe Yezu mbere igakomeza guterera mu gahogo Ururirimbo rwo guhayagiza Urukundo n’Ikigongwe c’Imana mu myaka n’imyaka.

Umutima wicisha bugufi kandi witonda vy’ukuri utangura kugira akamoto ko mw’Iparadizo ukiri kw’isi. Vyongeye akamotera k’uwo mutima wifata ruto gatera akamwemwe Umuremyi We nyene Ubwiwe.

Dawe Wamaho, Tereza Akajisho Kawe k’Ikigongwe ku mitima yicisha bugufi kandi yitonda no ku mitima y’abana batoyi bakoraniye mu Mutima Wuzuye imbabazi w’Umwana Wawe Yezu Kristu. Iyo  mitima isusa bimwe vy’umwihariko n’Umwana Wawe. Akamotera kiyo mitima karaduga kava mw’isi kagashikira ibirimba vyawe. Dawe Nyenimbabazi n’ubweranda bwose, ndakwinginze kubw’Urukundo n’imigambi myiza Ufitiye iyo mitima, Hezagira isi yose kugira ngo imitima yose ibashe kuririmbira hamwe Ubuninahazwa bw’Ikigongwe Cawe mu myaka n’Imyaka.Amen. (1220-1223)

 

Umusi w’Indwi: Imitima yubaha kandi igashemeza bimwe vy’umwihariko Ikigongwe ca Yezu

Uno musi Nzanira imitima Ininahaza kandi igashemeza bimwe vy’umwihariko Ikigongwe Canje uheze uyidumbukirize mu nyenga y’Ikigongwe Canje. Iyo mitima yarifatanije nanje mu mibabaro Nagize igihe Nabambwa ku Musalaba vyongeye n’abishikira mu Mushaha Wanje. Kubwanje iyo mitima irabera abandi icirori baraba mwo bakabona Umutima Wanje W’Ikigongwe. Iyo mitima izokayangana ice ibibatsi mu Buzima Budahera, nta numwe muri yo uzogwa mu muriro udahera, nzotabara umwe umwe wese muri yo ku buryo bw’umwihariko cane cane mu gihe c’ugupfa kwabo!

Yezu Munyakigongwe Wewe Ufise Umutima Wuzuye Urukundo Niwakire mu birimba vy’Umushaha Wawe Wuzuye Ikigongwe imitima Ininahaza kandi Igashemeza bidasanzwe Ubukuru bw’Ikigongwe Cawe.  Iyo mitima yikwije Ububasha bw’Imana Nyene Ubwayo, hagati y’imiyaga n’ibihuhusi vy’ubu buzima iratambuka n’ukwizera ifitiye Ikigongwe Cawe, kukaba nkako iyo mitima yunze ubumwe nawe Mukama Yezu mbere ikama iza Iwawe buri musi igushikaniye imitwaro y’abantu bose baba kw’isi yo nyene ubwayo yikoreye ku bitugu vyayo. Iyo mitima nkuko wabivuze Wewe Nyene Ubwawe ntizohambarirwa mu gihe c’Urubanza rwa nyuma kuko Ikigongwe Cawe kizobasanganira kikabatabara mu gihe bazoba bari hafi kwitaba Imana.

Umutima unezerwa n’ubutore bw’Umwami wawo urashimwa n’Imana nyene

Uwo mutima wama uri hafi y’Isoko ry’Ubuzima ukama wivomera Inema mu Kigongwe c’Imana nyene.

Dawe Wamaho, Raba Ryiza imitima ininahaza kandi igashimagiza ikikuranga gusumba ibindi ico naco kikaba ari Ikigongwe Cawe Kidakama. Iyo mitima yibera mu Mushaha Wuzuye Imbabazi Nyinshi Wa Yezu. Iyo mitima ni Inkuru Nziza Yawe Yigendera, imitima yabo yuzuye Ikigongwe, imishaha yabo mbere ibitumwe n’akanyamuneza ntangere iraririmba ururirimbo rwo gushemeza Ikigongwe Cawe Mana yo Mw’Ijuru.

Ndakuzamvye Mana Yanje, Bereke imbabazi Zawe Ukurikije ukwizera n’ukwizigira bafise muri Wewe, Ukunde muri bo haranguke Isezerano rya Yezu We nyene Yivugiye ati: Imitima izotangarira Ikigongwe Canje Kidahera- Nzoyikingira Jewe Nyene UbwaNje mu gihe c’Ubuzima bwabo na cane cane mu gihe c’ugupfa kwabo nk’Ubuninahazwa Bwanje nyene. (1224-1225) Amen.

 

Umusi w’Umunani: Uno musi nzanira imitima iri mw’Ipurugatori

uheze uyidumbukirize mu nyenga y’Ikigongwe Canje. Gutyo Amaraso Yanje Apfupfahaze ubushe bwabo. Iyo mitima yose Ndayifise ku Mutima naho ikiri mw'iyishuriro muri iki gihe. Ni wewe musa ushobora kuyironkera akoyokwe. Ingo uvome mu kigega c’inema c’Ekleziya Yanje Indulujensiya zose uheze uzihereze kw’izina ryabo. Ese iyaba woshobora kwumva ingene bababara, ntiwohengeshanije kubatangira iciru c’ibisabisho vyawe ngo ubafashe kwishura umwenda bafitiye Ubutungane Bwanje.

 

Ewe Yezu Munyakigongwe Wewe nyene Wivugiye Uti "Nshaka Ikigongwe", Raba ndazanye imitima yo mw’Ipurugatori mu birimba vy’Umushaha Wawe Wuzuye Impuhwe, iyo mitima Ufise ku Mushaha gusumba iyindi muri iki gihe ikibwirizwa kwishura umwenda  ifitiye Ubutungane Bwawe. Kunda ngo Amaraso n’Amazi Aseseka Ava mu Mushaha Wawe Mweranda Rwose Azimye imbeya z’umuriro ubaturira kugira ngo no mw’Ipurugatori nyene haninaharizwe Ububasha bw’Ikigongwe Cawe!

Umva amajwi y’abana Bawe bagutakambira bari mu bubabare budasanzwe bw’imbeya zo mw’Iyishuriro, Kubw’Ikigongwe Cawe Ubahumurize, Ubatabare kandi Upfupfahaze ubushe bwabo Ukoresheje imigezi y’amazi n’amaraso ava mu Mushaha Wawe ngo Ubakize amagorwa yabo.

 

Ewe Mushaha Udukunda cane wa Yezu, Mwagazi w'Imana  nyen'Imbabazi Ntangere Wewe Ukiza ibicumuro vy'abantu, Girira Ikigongwe imitima iri mw'ipurugatori kandi Ugabanye igihe babwirizwa kumara hariya mw'iyishuriro, pfuphahaza ubushe bw'imbeya zibaturira, bakize umwanda wose kubw'Amaraso Yawe Meranda rwose. Igisabisho canje ni kigushikire Uheze Wumve amaborogo yabo Ubakure mu gasho barimwo,Ubashikane mw'Ijuru n'Ingoga ! Amen!

 

Dawe Wamaho, Kunda Utereze Akajisho k’Impuhwe Zawe ku mitima ibabarira mw’Ipurugatori ihishije mu Mushaha Wuzuye Ikigongwe Wa Yezu. Ndakwinginze kubw’Ukubabara kwa Yezu Umwana Wawe w’Ikinege kandi nifatanije n’amagorwa Umushaha Wiwe Mweranda rwose Waciye mwo aho Watwitangira nkagutakambira ngo Wereke Imbabazi Zawe imitima ikibwirizwa kwishura umwenda ifitiye Ubutungane Bwawe Butagira nkunzi.  Ese Amaso Yawe Yoraba gusa ivyiza twaronkewe n’Inguma Zeranda za Yezu Umwana Wawe Ukunda cane kuko twizera ko Ubwiza Bwawe n’Imbabazi Zawe bitigera bikama. Amen!

 

Umusi w’Icenda: Uno musi Nzanira imitima y’akazuyazi n’iyiri  hagati na hagati

Yezu Yabwiye Faustina Mweranda ati:

"Uno musi nzanira imitima yabaye akazuyazi


Uheze Uyidumbukirize mu nyenga y’Ikigongwe Canje. Iyi mitima irantuntuza cane Umutima. Umutima Wanje Waragize irungu n'amaganya bitagira uko vyovugwa igihe nari mu murima wa Oliveti kubera iyo mitima y’akazuyazi.Nibo batumye ntura akamo nkambaza Data aho Navuga nti: Dawe Nkurako iyi Kalisi ariko ntibibe nkuko Ndabishaka bimere Nkuko Wewe nyene Ubishaka. Nta kindi Mbona gishobora kubakiza atari ukwirukira Ikigongwe Canje!

Dusabe: Yezu Munyakigongwe, Uri Ikigongwe nyene. Nzanye imitima y’akazuyazi ndayidumbukirize mu karangamutima k’Umushaha Wawe wuzuye Ikigongwe mu Mbeya z’Urukundo Rwawe Ntangere. Nushime kugira ko iyi mitima y’akazuyazi imeze nk’imva zinuka yagutumye Ugira irungu ritagira urugero gushika naho Ubira icuya c'amaraso isubire isusuruke. Ewe Yezu Mwiza Wuzuye Imbabazi Kunda Wereke Ikigongwe Cawe Kitananirwa iyo mitima y’akazuyazi Uheze Uyakure Uyigarukane mu gisharara c’Urukundo Rwawe mbere Ushime kuyitabaza Ingabirano y’Urukundo Rwawe Rweranda Rwose kuko nta na kimwe gisumba Ububasha Bwawe.

Dawe wa Twese+ Mwaramutse Mwaramutse Mariya+Haninahazwe

Dawe Wamaho, Terera Akajisho Kawe kuri iyo mitima y’akazuyazi Yezu Afitiye imbabazi nyinshi mu Mutima Wiwe w'Ikigongwe. Dawe Nyen'imbabazi ndakwinginze Urabe Ukubabara kwa Yezu Umwana Wawe kandi kubera amasaha atatu Yamaze ku Musalaba, Kunda Uyifashe Uyizane hafi Yawe nayo nyene ininahaze Ikigongwe Cawe Kidakama. Amen

 

Ishapule y’Ikigongwe c’Imana

+ Kw’Izina Rya Data n’Irya Mwana, N’Irya Mutima Mweranda +

 Warasandavye Yezu Mwiza ubwo nyene Isoko ry’Ubuzima Rica Ririyugurura

Ngo Rivomere imitima y’abana bawe bose, naco Ikiyaga c’Ikigongwe Cawe Ntangere gica kirisuka ngo kivomere imitima y'abacumuzi nyabworo yipfuza ubutabazi bwawe bweranda.

Ewe Soko ry’Ubuzima, Ewe Mbabazi Ntangere Z’Imana Yamaho

Urengeye kure niyo ivyo ubwenge bw’abantu bwoshobora kwiyumvira

Kikuza Isi Yose, Uheze Wisuke kuri Twebwe twese Utwoze ivyaha vyacu!

+

Maraso n’Amazi  muva mu Mushaha wa Yezu nk’Isoko ridakama ry’ikigongwe Atugirira, ndabizigiye(3

 

1. + Kw’Izina Rya Data n’Irya Mwana, N’Irya Mutima Mweranda +

 

2. Dawe wa Twese + Mwaramutse Mariya + Igisabisho co guhayagiza Ukwemera kwacu:Credo: Ndemeye Imana …..

3. Kuri Dawe wa Twese : Dawe wamaho, ndaguhereje Umubiri n’Amaraso, Umutima n’Ubumana vy’Umwana wawe Ukunda cane, Umukama wacu yezu Kristu, kugira ngo twishure ibicumuro vyacu, nivy’isi yose!

4. Kuri Mwaramutse Mariya: Kubw’ukubabara kwiwe, Tugirire Ikigongwe kandi Ukigirire n’isi yose

5. Guma usubiramwo gushika umaze utwo turongo dutanu tw’ishapule

6. Hereheza mu kuvuga iki gisabisho gatatu: Mana Nyeranda, Mana Ishobora Vyose, Mana yamaho, tugire ikigongwe kandi ukigirire n’isi yose

7. Maraso n’Amazi  muva mu mushaha wa Yezu nk’isoko ridakama ry’ikigongwe atugirira, ndabizigiye(3)

Heraheza uvuga uti: Yezu Wanje, Uzuza Umutima wanje Ingabirano ya Mutima Mweranda ngo mbashe gutwara Ijambo Ryawe Ryeranda Rwose gutyo nshobore kurishikiriza abacumuzi nyabworo mbwirizwa gufasha kurokora kw’Izina Ryawe. Mfasha ndabafukishe Amaraso Yawe y’Igiciro Ntangere mu bisabisho vyanje ngo babashe kwiyumva mwo igishika c’ukwegera Umushaha Wawe Mweranda Rwose. Nyuzuza Ingabirano ya Mutima Mweranda kugira ngo iyo mitima y’abacumuzi nyabworo nayo izoshobore kwinjira mu Munezero w’Isi Nshasha Watwemereye. Amen